top of page

Abantu cenda (9) nibo bahitanywe n'umusozi wabomotse muri Komine Kabarore mu Kayanza


Muri Komine Kabarore mu Kayanza, abantu cenda(9) nibo bapfuye abandi cumi nabatandatu (16) barakomereka kuri uwu wagatandatu uheze. Abo bantu bose baguweko n’umusozi aho basanzwe bacukura ubutare.

Abo bantu ngo bariko bafasha guterura ivu aho bacukura ubutare. Umusozi wobakorokeyeko giturumbuka maze ntibaronka akanya ko kunyaga amagara yabo.

Musitanteri wa Komine Kabarore, Victor Ntakarutimana yabariye abamenyesha amakuru ko muri abo bakomeretse, bane (4) bamerewe nabi cane bakaba bari mubitaro vya Kayanza.

Uwo musozi ngo woba wabomotse kubera imvura nyinshi yari yaguye muri ako karere ka Kabarore. Musitanteri wa Kabarore anamenyesha ko impanuka nkizo zikunda kuba cane cane iyo haguye imvura nyinshi. Agasaba abatwara amashirahamwe yo gucukura ubutare ko bokwama bitwararika amategeko araba ibidukikije iyo bariko baratora aho bacukura ubutare. Akanasaba abanyagihugu ko bokwitwararika gutera ibiti kumutumba kugira bikinge ibomagurika ry’imisozi


bottom of page