top of page

Intwazangabo ivugira igipolisi isigaye iri mu rwego rujejwe kugenzura abamenyeshamakuru


Petero Nkurikiye, umuvugizi w'igipolisi c'Uburundi

Hari amategeko abiri avuguruzanya yasinywe na Perezida Nkurunziza kw'igenwa ry'abagize urwego CNC rucungera ingene ibienyeshamakuru bikora. Utabanje kwitonda neza, wohava wibaza ko ayo mategeko yompi ari amwe. Yamara aratandukanye cane. Kuba habaye amategeko abiri agena umugwi umwo sico gitangaje cane. Igitangaje ni kubona intwazangabo Petero Nkurikiye asanzwe ari umuvugizi w'igipolisi yashizwe muri uwo mugwi

Itegeko rya mbere ryisunga ayandi mategeko atanu (5) iruhande y'Ibwirizwa nshingiro. Hanyuma irindi ryisunga amategeko abiri (2) iruhande y'ibwirizwa nshingiro.

Ku rya mbere ryateshejwe agaciro n'umukuru w'igihugu w'Uburundi, abagize urwego CNC bari bashizweho habanje kugishwa inama umushikiranganji wo kumenyesha amakuru. Yamara kuri rishasha, ico ntakirimwo.

Ikindi gikomeye kiri muri ayo mategeko, ni uko yose asangiye inomero n'aho atarereweko umukono umunsi umwe. Inomero ya rishasha ni No 100/073 ryo ku wa 21 ukwezi kwa 5 umwaka w'2019, iryafuswe na ryo nyene ryari rifise inimero No 100/073 ariko rikaba iryo ku wa 15 ukwezi kwa 5 uyu mwaka.

Umunyamategeko umwe avuga ko mu bisanzwe bitabaho ko amategeko abiri asangira inomero imwe. Yagize ati: "Ayo mategeko yose aba ari imfagusa". Yongeye ati: "N'aho yose yosohokera umunsi umwe agasinywa n'umuntu umwe, harabaho iritangura n'irikurikira, inomero zigatandukana".

Amazina y'abagize urwego CNC bari kw'itegeko rishasha ni na bo bari kw'itegeko rya mbere, n'ingene bakurikirana ntacahindutse. Gusa, ku rya mbere, imbere y'izina ry'umwe umwe wese hariko igikorwa yahawe n'umukuru w'igihugu.

Akarorero, uwutangura ni Nestor Bankumukunzi yari yagizwe umukuru w'urwo rwego, Laurent Kaganda na we yari yagizwe icegera c'umukuru wa CNC, Jacques Bukuru yari yagizwe umunyamabanga nshingwabikorwa, Maitre Jean Muvayo na we yari yahawe amabanga n'umukuru w'igihugu yo kuba umuhanuzi mu vy'amategeko muri CNC, Yvette irambona we agirwa umunyabigega wa CNC. Abandi basigaye ukwari 10 bagirwa abanywanyi basanzwe.

Ico bikoze, kw'itegeko rishasha rifuta iryo rya mbere, hariko amazina y'abantu 15 gusa, ibikorwa bari bahawe vyakuweho vyose.

Ingingo ya 3 y'itegeko ryafuzwe yavuga ko umushikiranganji wo kumeneyshamakuru asabwe guhsira mungiro iryo tegeko rya Perezida Petero Nkurunziza.

Yamara, itegeko rishasha rifuta irya mbere, iyo ngingo ntayirimwo. Yasubiriwe n'ingingo ya 3 ivuga ko iryo tegeko rishasha ribwirizwa guca rija mu ngiro rigisinywa.

Itegeko rya mbere ryari ryateweko umukono n'umukuru w'igihugu, icegera ci we ca mbere n'umushikiranganji wo kumeneysha amakuru. Yamara kuri rishasha nta mukono w'umushikiranji wo kumenyesha amakuru wagarutseko, ahubwo wasubiriwe n'uwicegera ca kabiri c'umukuru w'igihugu.

Uwo mu nyamategeko twavuganye muri make yagize ati: "Itegeko rya mbere ryari riciye kubiri n'ibwirizwa nshingiro hamwe n'itegeko rikuru rigenga ibikorwa vya CNC".

Twahavuye dusoma iryo tegeko rikuru rigenga ibikorwa vya CNC dusanga ingingo ya 16, agace ka mbere kavuga ko abagize urwego CNC bagenwa n'umukuru w'igihugu agishije inama ivyegera vy'iwe bibiri gusa

Na yo ingingo ya 31 y'iryo tegeko rikuru rigenga ibikorwa vya CNC, mu gace ka kabiri, ivuga ko abantu 15 bagize urwo rwego bagira inama ya bose bagatora inzego nyobozi zirimwo umukuru wa rwo n'abandi.

Abamenyeshamakuru ndetse n'abakurikiranira hagufi ivyerekeye kumenyeshamakuru mu Burundi, bavuze ko umukuru w'igihugu agenye Umukuru wa CNC bigabanya ubwigenge bw'urwo rwego.

Umunyamategeko twayaze yatubwiye ati n'ubundi, uko vyari vyagenze ubwa mbere ni ko bizogenda kuko umukuru w'igihugu yamaze kwerekana abo yifusa ko bafata ikibanza iki canke kiriya.

Mu bashasha binjiye muri urwo rwego CNC, harimwo umuvugizi w'igipolisi Pierre Nkurikiye.

Ku bw'umuhinga akaba n'umwigisha muri za kaminuza ivyo kumenyeshamakuru, ati ntivyari bibi iyaba yokoze neza nk'umunyamwuga. Yamara amakenga ni menshi ko azohava atamikwa ijambo n'igipolisi asanzwe avugira.

Harimwo kandi umumenyeshamakuru Jacques Bukuru yatwaye igihe kinini uruganda rwo kumenyeshamakurukw'iradiyo y'igihugu, Radio Nationale.

Uwo muting yigenga abona ko hamwe Bukuru yosubira agahabwa ikibanza yari yahawe n'umukuru w'igihugu c'umunyamabanga nshingwabikorwa ababa ari na we yohava aba umuvugizi wa CNC mu gihe bikenewe, vyoba biteye amakenga.

Ati haramutse hafashwe ingingo z'agahotoro zikandamiza abamenyeshamakuru, ni we azohora aazisoma, gutyo urwo rwego rwiregure ruti "Ingingo zasomwe n'uwanyu".

Ikindi kidasanzwe nk'uko abo twavuganye bavyemeza, n'uko abagize urwo rwego bagenywe hasigaye igihe gito ngo habe amatora, hanaheruka guhagarikwa amaradiyo mpuzamakungu nka VOA na BBC.


bottom of page