top of page

Uburundi, umwana w'ikigaba mu muryango wa EAC azohava yemerwa kurerwa mu muryango wa SADC?


Intumwa idasanzwe y'umukruu w'igihugu c'Uburundi Petero Nkurunziza, aheruka i Harare muri Zimbabwe gusaba ko yoronka ibihugu bishigikira Uburundi mu gusaba kwinjira mu muryango w'ibihugu vy'akarere ka Afrika y'Amaj'epfo, SADC.

Uwo na we si uwundi ni umushikiranganji w'imigenderanire y'Uburundi n'amakungu, ambassadeur Ezechiel Nbibigira. Yabonanye n'umukuru w'igihugu ca Zimbabwe Emmerson Mnangagwa. Yemereye uwo mukuru w'igihugu ko Uburundi bufise vyinshi vyo guhaya muri SADC.

Ezechiel Nibigira yagiye i Harere imbere y'uko umugwi w'abahinga ba SADC baja mu Burundi na bo mu mpera z'uku kwezi gusuzuma uko ibintu bimeze.

Ibibabazo ntivyobura, mu gihe ivyerekeye agateka ka zina muntu n'intwaro rusangi bibandanya kwunyuka muri ico gihugu.

Uburundi busanzwe buri mu muryango w'akarere ka Afrika y'Ubuseruko, EAC, iruhande ya Kenya, Ubuganda, Tanzaniya, u Rwanda na Sudani y'epfo.

Yamara n'aho, ni igihugu kigenda bigurintege kuko hari vyinshi kidashira mu ngiro. Akarorero ni ibirarane vy'intererano Uburundi buheranye muri EAC birenga vy'ayarenga imiliyoni 10 y'amadolari ya Amerika.

Ikindi ni uko muri ico gihugu harangwa imvururu za politike zatumye abantu barenga 1000 bicwa, abarenga ibihumbi 500 n'abo bagata bakomoka bagahunga igihugu.

Uburundi kandi bwagirizwa guteza umutekano muke mu karere k'ibiyaga binini, u Rwanda ruvuga ko ico gihugu kirimwo abahungabanya umutekano w'abanyarwanda. Umutekano muke mu Burundi watumye kandi sentare mpuzamakungu mpanavyaha CPI itanguza amatohoza y'abagirizwa ivyaha bitandukanye.

Ivyo vyatumye Uburundi na two bufata ingingo yo gukura akarenge muri iyi sentare maze bwugara n'ibiro vya ONU biraba agateka ka zina muntu i Bujumbura. N'amaradiyo mpuzamakungu nka BBC y'abongereza na VOA y'abanyamerika zarugawe. Izo na zo zazize ko zishira ahabona ihonyangwa ry'agateka ka zina muntu.

Ivyo biri uko mu gihe kimwe mu bisabwa bikomeye kugira igihugu cemererwe kwinjira muri SADC ari uko kibwirizwa kwerekana ko intwaro yaco imeze nk'iyibindi bihugu cane cane muri politike, ubutunzi n'imibano. Ikindi n'uko kibwirizwa kubahiriza agateka ka zina muntu, intwaro ibereye, intwaro rusangi n'iyubahirizwa ry'amategeko.

Ibanki y'Afrika ijejwe iterambere BAD yerekana ko Uburundi buterera duke cane mu butunzi bw'akerere burimwo kubera indyane zama muri ico gihugu. Ivyo bituma n'imitahe itembera mu karere igabanuka kuko ata mugwizatunga yoshobora kuzana imitahe mu Burundi ndetse no mu bihugu bihana imbibe.

Uburundi busa n'umwana w'ikigaba mu muryango w'akarere ka EAC. Bumaze gusiba inama zitari nke z'abakuru b'ibihugu b'uwo muryango, ndetse mu mwaka w'2017 bwanasivye ibiganiro vyateguwe n'ako karere bigamije gutorera umuti indyane ziri mu Burundi.

Uburundi busubiye gusaba kwinjira muri SADC mu gihe mu mwaka w'2017, inama nshikiranganji ya y'uwo muryango yari yanse ko ico gihugu gihabwa ikaze kubera gifise umutekano muke. Yamara ntakirahinduka mu vyerekeye umutekano n'ubu.

Abahinga bavuga ko ico gihugu gitwarwa na Perezida Petero Nkurunziza gidashaka cane cane inyungu z'ubutunzi muri SADC, ahubwo ko coba gishaka abagifata mu mugongo mu bihe bitoroshe, kikanatinya u Rwanda rukirusha inguvu mu vya gisirikare. Ndetse bwagiriza u Rwanda ko rushaka gutembagaza ubutetsi bwaco.

Abo bahinga banemeza ko icifuzo c'Uburundi co kwinjira muri SADC ata shingiro gifise, ahubwo ko cokwamirirwa kure.


bottom of page