top of page

Amaraso y'inzirakarengane yahumiye abapolisi mu buraruko bw'igihugu


Abapolisi bazwi kuba ari ba rurangiranwa mu guhohotera no kwica uwiketswe wese kuba atavuga rumwe na reta canke uwobirota, basigaye basubiranamwo na bo nyene. Akarorero ka vuba n'ivyabereye mu Ntara ya Kirundo aho mu masaha adashika 24, abapolisi 2 bishwe, barasanye.

N'aho igipolisi kitashatse ko bimenyekana, ibinyamakuru n'abajejwe intwaro basimbiye kw'isunzu ry'inzu mu kubivuga.

Bamwe bati n'umuvumo uva ku Mana.

Umwe mu bapolisi yishwe na mugenzi we, azwi kw'izina rya Nicolas Niyonzima. Mugenzi we yamurashe na we azwi kw'izina rya Aron Dushimumukiza.

Musitanteri wa komine Bwambarangwe, Fébronie Niyongabire yavugiye kw'Iradiyo y'igihugu ko uwo yarashe mugenzi we yamusutsemwo amasasu 5. Yamara ntaco yashikirije ku coba catumye ubwo bwicanyi buba.

Abitwenegra bati ntakundi vyari kugenda, umuvumo nk'uwa Kayini na Abeli ntawogira ico awuvugako.

Uwo yakoze ibara yahavuye afatwa. Ariko na we ntiyagize amahirwe yo kuramba kuko yahavuye araswa na bagenzi we b'abapolisi nyene.

Abari hafi babwiye ikinyamakuru cigenga SOS Médias bati "twumvise inkoho nyinshi athitwa mu Kabuyenge nk'isaha umunani z'umurango. Mu nyuma hatowe ikiziga ca wa mupolisi yari yarashe mugenzi we. Ico kiziga cari carashwe n'amasasu menshi cane".

Amakuru dukura mu gipolisi avuga ko uwo mupolisi wa kabiri yoba yishwe ariko "aragerageza guhunga avuye mu modokari ya komiseri w'ipolisi atwara intara. Yarashwe n'abacungerera ubuzima uwo atwara igipolisi mu ntara".

Yiciwe kw'ibarabara rija ku mugwa mukuru w'intara ya Kirundo ahari hategekanijwe kubera urubanza rw'ikibiriraho kuri ubwo bwicanyi bwa mbere.

Abatari bake ntibemera iyi mvugo yo gushaka gutoroka mu gihe ari we nyene ubwiwe yari yishikirije igipolisi mu gatondo.

Ico ni kimwe mu vyerekana ko abapolisi b'Uburundi atakindi kibaraje ishinga atari ukwica ico babonye cose.

Ishirahamwe mpuzamakungu Onu ntirisiba kubivuga. Ryaranabakuye ku rutonde rw'abapolipi baja gucungera amahoro n'umutekano kw'isi, haraheze imyaka 3.

Mu mwaka w'2016, ONU yirukanye mu gihugu ca Centre Afrique abapolisi 280 bagirizwa gukora amabi atandukanye mu gihugu cabo imbere y'uko barungikwa muri ubwo butumwa bw'amahoro muri MINISCA. Ntawasubiye guhunahuna ku butumwa nk'ubwo bw'amahoro.

Mu maraporo menshi ya ONU, bagirizwa ko ari bo bakunze kwica no guhohotera abatavuga rumwe na Reta. Yamara abasirikare bobo ako kabi ntibakagirizwa cane.


bottom of page