top of page

Ko Uburundi bwatewe akagere na SADC, buzohava bwemera kwubahiriza amategeko ya EAC?


Ni ingingo yatangajwe n'umukuru w'igihugu ca Namibiya, Perezida Hage Geingob ari na we asanzwe atwara SADC uyu mwaka.

Ivyo abivuze inyuma y'umugwi w'abahinga ba SADC warungitswe i Bujumbura gusuzuma uko ibintu bimeze kugira Uburundi bwemererwe canke bwankirwe.

Umushikiranganji w'imigenderanire y'Uburundi n'amakungu ntako atari yagize mu ngendo zitari nke yaheruka kugira mu bihugu bitandukanye bigize uwo muryango wa Afrika y'amaj'epfo wa SADC. Ambassadeur Ezechiel Nibigira yagendeye igihugu ca Tanzaniya, igihugu ca Zimbabwe hamwe n'igihugu ca Namibiya ari na co ubu kiramutswa uwo muryango wa SADC.

Yamara Uburundi ntibwakwije ibisabwa vyose kugira bube umunywanyi mushasha wa SADC.

Perezida Hage Geingob yagize ati: "Umutekano muke ufatiye ku mvururu zavuye ku matora yo mu mwaka w'2015 ni yo ntandaro y'itituka ry'agateka ka zina muntu mu Burundi". Aho ni igihe umukuru w'igihugu Petero Nkurunziza ahari yihagira ikringo ca gatatu, ciyamirijwe n'abatari bake.

Perezida wa Namibiya yabwiye mugenzi we wa Tanzaniya ko umugwi w'abahinga waheruka i Bujumbua kuraba uko ibintu vyifashe wahanuye ko SADC yoba irabangiriye kwakira Uburundi.

Perezida wa Namibiya yongeye ati: "Vyose bifatiye ku ngendo ya Demokarasi itaraja mu ngiro muri ico gihugu".

Uwo mutegetsi ashimangira ko ibibazo vya politike ya Afrika y'ubuseruko na vyo biri mu vyatumye Uburundi buterwa akagere.

Yawiye Magufuki ati: "Turakurikiranira hagifi ivyo ico gihugu gikunda kwagirizanya n'u Rwanda, mu vy'umutekano w'ivyo bihugu, n'ibindi. Noshimishwa ko mwebwe Perezida Magufuli mwoduha umuco".

Aho yari mu ngendo zo gusaba abashigikira Uburundi, Ambassadeur Nibigira yari yavuze ko yarajanye ubutumwa bwihariye bwa Perezida w'Uburundi Petero Nkurunziza.

Iyo ntumwa ya Perezide w'Uburundi yari yabijeje ko igihugu c'iwe citunganije. Nibigira yabwiye bagenzi bacu mu kwezi guheze ati "ubu mu Burundi amahoro n'umutekano vyarasasagaye inyuma y'aho mu mwaka w'2015 hadukiye imvururu za politike, kandi n'ubutunzi bwifashe neza, ati dufise vyinshi vyo gutwara muri SADC, nk'ubutare bwa Nickel n'ibindi".

Yamara icifuzo c'Uburundi nticakunzwe. Perezida wa Namibiya yabusavye nyabuna kwihutira gusubiza ibintu mu nzira ya Demokarasi no kubahiriza agateka ka zina muntu kugira buzosubire guasaba ko bwokwemererwa.

Bihuriranye n'uko uwo muryango uherutse gushiraho n'ibindi bisabwa bishasha kugira igihugu cemerewe. Ivyo na vyo n'uko igihugu kibwirizwa kubahiriza Demokarasi, agateka ka zina muntu, intwaro ibereye ishingiye kw'iyubahirizwa ry'amateko nk'uko amasezerano ya Afrika yubahiriza agateka ka kiremwa muntu abitegekanya.

Abaraba ibintu n'ibindi babona ko umuryango wa SADC wishimikije iyo ngingo kugira Uburundi ntibuhabwe ikaze.

Uburundi bwari busubiye kugerageza kwinjira muri uwo muryango irigira kabiri. Ubwa mbere, uwo muryango wa SADC wankiye Uburundi mu mpera z'umwaka w'i 2017. Imvo zatanzwe n'ibiro bikuru vya SADC ico gihe zisa n'izatanwe ubugira kabiri. Ni umutekano muke.

Muri kino gihe, Uburundi buriko buca mu nzira no mu vyatsi mu gutegura amatora yo mu mwaka w'2020. Perezida Nkurunziza aramaze gutangaza ko atazosubira kwitoza muri ayo matora.

Ku rwego rw'akarere, SADC ni wo muryango umaze gushinga imizi utarimwo ingorane hagati y'ibihugu biwugize.

Umuryango wa SADC wateye akagere Uburundi ugizwe n'ibihugu 16. Harimwo igihugu ca Tanzania bihurira n'Uburundi mu umuryango wa EAC. Watangujwe mu mwaka w'1992.

bottom of page