top of page

Imbonerakure n'Interahamwe baragisibije mu buraruko bw'u Burundi no mu bumanuko bw'u Rwa


Imbonerakure, ziswe umugwi w'inkorabara na ONU, urwaruka rwegamiye umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD rurabandanya kwifatanya n'Interahamwe z'u Rwanda bisa n'uko bakora bimwe. Bahungabaya umutekano mu bumanuko bw'u Rwanda ari ho mu bisanzwe mu buraruko bw'Uburundi.

Ubusuma n'ubwicanyi bikorwa n'iyo migwi ibiri ntibisiba kwibonekeza muri ivyo bice, cane cane ku mipaka.

Hasahurwa inka n'impene, ubusuma mu ngo z'abantu, ubwicanyi buhitana inzirakarengane n'ibindi ni vyo biteye ubwoba abanyagihugu nk'uko amaradiyo n'ibinyamakuru bidasiba kubivuga.

"Kuva mu minsi iheze, Interahamwe zirikumwe n'Imbonerakure bari mw'ishamba rya Murehe ku mitumba ya Gatete, Rwibikira na Bishiha muri komine Busoni intara ya Kirundo. Iryo shamba ni ryo ribandanya rigashika mu Rwanda. Bafise intumbero yo kwiba inka n'impene no gukora ibitero bitandukanye mu mihana iri ku rubibe rw'Uburundi n'u Rwanda".

Ku ruhande rw'Uburundi, izo mbonerakure ziri ku mitumna yose y'igihugu ihana urubibe n'u Rwnada, cane cane mu ntara ya Kirundo mu ma komine ya Bugabira, Busoni na Ntega.

Abategetsi nta co babivugako, ico bamwe babona nk'ikimenyetso c'bikorwa vyo "gushaka gusotora" igihugu c'u Rwanda.

"N'abatware mu nzego zo hasi barabizi ko hakorwa amabi menshi ariko baguma binumiye"

Nk'uko n'izo mbonerakure zivyivugira, iziteye ubwoba kandi zikaze cane n'izigeze kurungikwa muri Republika iharanira Demokarasi ya Kongo zahavuye zigarukanwa mu ntango z'uyu mwaka. Abo ni bo bakorana n'Interahamwe, barungitswe mu ntara ya Kirundo. Iyo migwi ihuriye ku bubisha n'ubugizi bwa nabi bukabije.

Rimwe na rimwe mbere hari n'igihe igipolisi cifatanya n'iyo migwi, maze uwudafashije mu gushaka guhungabanya umutekano ku mbibe z'u Rwanda n'Uburundi akabihanirwa.

Akarorero ka hafi ni Imbonerakure 8 zo ku mitumba ya Gatete, Bishiha na Rwibikara zahagaritswe italike 5 z'uku kwezi kwa gatanu. Zafashwe n'uwutwara urwego rw'iperereza muri komine Busoni.

N'ubwoba bwinshi, ababibonye bagize bati :"Bagirizwa ko badashaka gukorana n'Interahamwe mu bikorwa vy'ubusuma no guhungabanya umutekano mu Rwanda".

Abo bafashwe ubu bafungiwe mu gipolisi mu Kirundo aho uruhugi rwahavuye ruhindukira, bakagirizwa "gushaka guhungabanya umutekano w'u Rwnada".

Ico bikoze, inyuma y'iryo burabuzwa ry'izo mbonerakure, hoba hinyegeje ko zoba zaramenye ibanga zigatanga amakuru ko Interahamwe ziri muri ako karere kandi ko zifatanya n'Imbonerakure mu mabi bakora.

Abarabira ibintu hafi batari bake, babona ko ubwo bucuti bw'inkozi z'ikibi bugamije akandi kaga nk'ihonyabwoko. Hamwe ata gikozwe vuba, abo baraba ibintu n'ibindi bemeza ko hashobora kwaduka irindi honyabwoko ry'abatutsi mu karere ryokorwa n'iyo migwi y'inkorabara yunze ubucuzi bw'akadasohoka.


bottom of page