top of page

Abanyororo barenga ibihumbi 11 nibo bavundiye mu mabohero atandukanye y'igihugu


Abaharanira uburenganzira bw'abafunzwe nk'ishirahamwe APRODH barasemerera bavuga ko ubwo bwinshi bw'abanyororo bagerekeranyeko ari irya mbere bwibonekeza kuva Uburundi bwikukira.

Iryo shirahamwe rivuga ko "gushika mu mpera z'ukwezi kwa gatatu uyu mwaka, abarenga ibihumbi 11 ni bo babarizwa mu mabohero 11 ari mu ntara 10 z'igihugu. Ni mu gihe ayo mabohero yagenewe kwakira abantu batarenga ibihumbi 4.194". Ryongerako ko urwo rugero rurenga 230 kw'ijana.

Abarenga igice c'abo bagirizwa ivyaha vya politike bifitaniye isano n'intureka zadutse mu mwaka w'2015, aho abanyagihugu bihereza amabarabara biyamiriza ikiringo ca 3 ca Perezida Petero Nkurunziza. Ibohero rikuru rya Mpimba ryonyene ririmwo 3500 kandi ryari rybatswe ngo ryakire abatarenga 400.

APRODH rivuga ko n'utwigoro tw'ikigongwe c'umukuru w'igihugu dusa n'uko ataco turiko turashikako kuko harekurwa bake kandi ababikeneye ari benshi.

Ibintu vyahavuye vyunyuka kuva mu ntango z'uyu mwaka aho hatanguriye uruhigi rw'abatavuga rumwe na reta b'umugambwe mushasha CNL bayoboka Agathon Rwasa.

Kuri ubwo bwinshi hiyongerako n'ikibazo c'ubuvuzi kitifashe neza kuri abo banyororo. Abarwayi ni benshi kubera gufungura nabi, kugerekerako, isuku rike n'ibindi.

Ku bw'ishirahamwe SWAA-BURUNDI, rimwe muyitaho kurwanya umugera wa Sida, ingwara nyinshi zifata abanyororo ni nka Sida hamwe n'izindi zifatira mu bihimba vy'irondoka, Malaria n'igituntu.

Ibohero rikuru rya Mpimba rifise abaganga batarenga 2 hamwe n'abaforoma 8 babwirizwa kwitaho abantu barenga 3500.

Umwe mu bafungiwe mu Mpimba avuga ko ingwara nyinshi ziva kugufungura nabi. Yemeza ko bafungura rimwe indya ziteguwe nabi, zigizwe n'umutsima w'imyumbati n'ibiharage gusa. Yongeyeko ko hari abanyororo bafise ibimenyetso vy'ingwara zituruka kugufungrua nabi, abandi barwaye, mu nda n'igituntu.

Yamara hari ababangamiwe kurusha abandi, abo ni abana bavukiye mw'ibobero, abageze mu za bukuru, abagore b'ibungenze, abanyamahanga hamwe n'abagifise amaraso ashushe.

Iciyongerako ni uko n'ubuvuzi butihuta iyo hibonekeje umuntu arwaye akenewe kujanwa mu bitaro. Uwo n'aho yogira Imana akajanwa kwa muganga, ntiyemerewe kumarayo iminsi irenga indwi zibiri n'aho yoba atarakira aca agarukanwa mw'ibohero. Abanyororo bavuga ko ivyo bituma bamwe baremba abandi bakahasiga n'ubuzima.

Ubuyobozi bujejwe amabohero mu gihugu buherutse gushikiriza ko ibohero rimwe ryonyene ari ryo rigabuyemwo ahaja abagabo n'ahaja abagore. Iryo na ryo ni irya Ngozi.

Ubwo buyobozi bwemeza ko bufise n'ikibazo co kubura amafranga akwiye yo gukoresha, inzu zishaje kandi nke zo gufungiramwo abantu, abakozi badakwiye n'ibindi.

Abanyororo basaba reta hamwe n'amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu ko bobagarukirako maze bagatezurirwa, agateka k'abo kakubahirizwa n'aho bafunzwe.

Basaba ko n'imanta zoja ziranyaruka, gutyo abarekurwa bakaba benshi, ubwinshi bw'abo bukabanuka. Bavuga ko hari n'ababa bararangije ibihano bakatiwe ariko ntibarekurwe.


bottom of page