top of page

Perezida Petero Nkurunzi ari mu nzira yo kunyaga amatongo "Abanyagihugu" ayagabire "A


Perezida Nkuruniza n'umugore wiwe basengera umwimbu wabo w'ibiraya

Umukuru w'igihugu c'Uburundi Petero Nkurunziza ari mu rugamba rwo kwiyegereza abiwe "Abahutu", mu gihe hasigaye amezi aharurirwa ku rushi ngo habe ayandi matora yifuza kuzosubira kwihagira.

Nk'uko vyoba bidahagije kwangaza ibihumbi vy'abatavuga rumwe na reta, abandi bakahasiga ubuzima, iruhande yo gushaka kwigumiza ku butegetsi, ubu na ho ikibazo c'amatongo ni co kigezweho. Kandi na co ubutegetsi ntibuyobewe ingene ari nkoramutima mu gucanishamwo Abarundi.

Abicishije kuri somambike wiwe, Evariste Ndayishimiye umukuru w'umugambwe CNDD-FDD, umukuru w'igihugu Petero Nkurunziza yiyemeje kwigarurira amatongo yose y'abatutsi biswe "abanyagihu" mumvuga ifobetse yakoreshwe na Evariste Ndayishimiye. Ayo matongo, nk'uko Ndayishimiye yabishikirije, azohabwa "Abenegihugu" mu mvugo ifobetse yerekana ko avuga abahutu.

Ndayishimiye yagize ati:"Leta igiye kwirukana mu matongo bamwe, ku bandi ihagarike amasezerano y'amatongo kugira Abenegihugu bagukirwe". Ivyo yabivugiye muri nomine Rugombo intara ya Cibitoke.

Yarongeye agira ati: "Amatongo yo kurimamwo yo mu Mugamba ni yo ahanini arabwa n'iyi ngingo".

Ico gice ca Muganga kizwi nk'intara kama, yamara gifatwa n'umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD nk'icibare c'abatavuga rumwe n'uwo mugambwe. Bikerekanwa n'amarira aharangwa, ubwoba hamwe n'umubabaro kubera urwaruka rwo muri ico gice rwicwa, rugafungwa canke rukangazwa.

Ico gice ndetse cagaragayemwo ibikorwa vyinshi vyo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Perezida Nkurunziza mu mwaka w'2015.

Ubu rero, ubutigu burageze aho umuvyeyi ahana yihanukiriye uwo yavyaye, nk'uko Evariste yabivugiye mu Cibitoke.

Kubona ubutegetsi bwashimye kuvugira ayo majambo mu Cibitoke na vyo nyene bifise insiguro ikomeye kuko reta iherutse kuhigarurira amatongo angana n'amahegitari 1500 yahora yegukira ihinguriro RUGOFARM y'umushingamateka Stany Habonimana "w'umututsi".

Igisigaye ni ukuraba ko iyo ngendo nshasha yo gucanishamwo abantu izogirira amahirwe umukuru w'igihugu kuko amaze kugaragaza ibimenyetso vyo kwigumira ku butegetsi.

Ivyo ari vyo vyose, kahise katwereka ko ingaruka mbi zo kunyaga amatungo zama ari umurengera kandi ko abazoba banyazwe bazosubizwa utwabo bitebe bitebuke.

Muri abo harimwo n'abo amatungo n'amazu y'abo aheruka gufatwa na reta bagirijwe kuba batavuga rumwe na Perezida Petero Nkurunziza.

bottom of page