top of page

Abagiye guserukira Uburundi mu rukino rwa Boxe muri Gabon bafungiweyo kuko babuze ayo kuriha ihoteli


Abaserukiye Uburundi mu mahiganwa yo gubitana ingumu yabereye mu gihugu ca Gaboni. Ifoto yafashwe na:Eloge Willy Kaneza (VOA)

Igihugu c'Uburundi ku ntwaro y'igikenye ya Petero Nkurunziza kibandanya gusubira inyuma mu mpande zose. Iruhande yo kutariha intererano igihugu giheranye mu muryango wa Afrika y'Ubuseruko EAC, ubu hoho hiyongereyeko uwudi muzigo.

Uwo na wo ntawundi ni uw'abakinyi b'urukino rwo gukubitana ingumu bita Boxe bari bagiye guserukira igihugu c'abo muri Gabon. Bobo ntako batari bagize ngo baronke ikibanza ciza n'ubushimwe butanduknaye ariko nticabujije ko igihugu cabatumye kireka kubarihira utwo kurya bariye n'uburaro.

Iryo higanwa ryabaye kuva italike 12 gushika 17 z'uku kwezi kwa Rusama turimwo.

Abaserukiye Uburundi bose muri urwo rukino ubu bafungiwe mw'Ihoteri iri i Libreville ku mugwa mukuru wa Gabon. Babwiwe bati "mwarariye muraryama ntimwariha".

Eric Ndayishimiye, atwara urunani rw'abakinyi ba Boxe mu Burundi yagize ati: " Abaserukiye Uburundi bose bafungiwe mw'Ihoteri yitwa Ngonemono i Libreville kuko batarariha ivyo bariye, ivyo banyoye hamwe n'uburaro".

Abakinyi bafungiwe muri Gabon ni batatu: Ornella Havyarimana, Nestor Nduwarugira na Jean Marie Ndayizeye. Harimwo kandi n'abari babaherekeje nka Côme Ndayishimiye umumenyereza wa Boxe hamwe rero na Eric Ndayishimiye atwara urunani rwa Boxe mu Burundi.

Amafaranga bishuzwa kugira basubire iwabo angana n'amadolari y'amanyamerika 4680. Impapuro z'inzira bita Pasiporo z'umumenyereza w'abo Côme Ndayishimiye n'iy'uwutwara urunani rw'abo Eric Ndayishimiye zarafashwe n'ubuyobozi bw'Ihoteri bashikiyemwo.

Aho ni mu gihe abakinyi babiri Ornella Havyarimana na Jean Marie Ndayizeye bari batahukanye imidari ibiri y'umwakaka muri ayo mahiganwa.

N'akababaro kenshi, uwutwara urunani rw'abo yagize ati : "Hamwe reta y'Uburundi ataco ikoze, tuzoguma dufungiwe ngaha mu gihe twari twaserukiye bimwe vy'iteka igihugu cacu".

Yongeyeko ati: "Twari twaje ata ruhera na rumwe badutekereye, rero twagumye turindiriye ko reta iturungikira kuko yari yemeye kudufata mu mugongo mu kuturihira ibikenewe vyose".

Gushika ubu reta y'Uburundi ntaco irashikiriza kuri ico kibazo. Icihutirwa kuri yo n'amatora yo mu mwaka w'2020 hamwe n'umugwi nserukiragihugu mu mupira w'amaguru Intamba mu Rugamba ugiye kuja mu mahinganwa y'igikombe ca Afrika CAN mu kwezi kuza kwa gatandatu mu Misiri inyuma yo gutsinda igihugu ca Gabon, ari na co gihugu cafunze abakinyi ba Boxe.

Kubera ayo masango abiri, Abarundi basabwe guterera hose, yamara urukino rwa Boxe rworwo rusa n'urwibagiwe.


bottom of page