top of page

Burundi: Inyuma y'ihambwa ry'amasezerano ya Arusha, inkehwa z'Abatutsi zigiye kuba iza n


Ntibikiri agaseseshwa rumuri. Abatutsi bo mu Burundi, bacitse kw'icumu n'ihonyabwoko ryo mu mwaka w'1993, nta we bakiririra. Nta rwego na rumwe ruzwi rubavugira. Yamara, amasezerano ya Arusha yarafise intumbero yo gukuraho indyane z'amoko hagati y'abatutsi n'abahutu.

Ubu, nta n'umugambwe wemanga ko ukingira izo nkehwa, mu gihe amasezerano ya Arusha yabakingira umutekano no mu vya politike, imibano n'ubutunzi.

Umugambwe UPRONA, uzwi kuva muri kahise k'Uburundi guseruka ubwa mbere muri urwo rugambwa, mbere wari waratangaje icese ko ukingira izo nkehwa. Ariko usigaye umeze nk'igitutu. Ni nk'indege yasambukiye mu kirere. Uwo mugambwe Uprona waranataye iyo ntumbero.

Amashami abiri y'uwo mugambwe ari mu kirere nk'umuyaga. Biri uko mu gihe, rimwe muri ayo mashami, ritwarwa na Abel Gashatsi ariko mu vy'ukuri riri mu kwaha kw'icegera ca mbere c'umukuru w'igihugu Gaston Sindimwo, ryabaye nk'iriyoboka umugambwe uri ku butegetsi, CNDD FDD.

Ubu nta tandukaniro rikihari hagati y'ivyiyumviro vy'iryo shami rya Uprona n'ivya CNDD-FDD.

Uwo mugambwe w'umuganwa Rudoviko Rwagasore canke ibisigarira vya wo, wavyerekanye mu guhamagarira abanywanyi ba wo ngo batore Ego mu matora ya kamarampaka y'Ibwirizwa nshingiro yabaye mu mwaka uheze w'2018. Iryo tora ryaje guhamba Ibwirizwa nshingiro ryo mu mwaka w'2005 hamwe n'amasezerano ya Arusha yo mu mwaka w'2000.

Izo nzandiko zibiri (amasezerano ya Arusha n'ibwirizwa nshingiro) ni zo zahora zikingira inkehwa z'abatutsi, zikanashimangira inzego z'igihugu. Zari zaranazanye agahengwe katumye abarundi babana neza gushika mu mwaka wa 2015.

Uwo mugambwe Uprona ni wo usigaye ushigikirana n'uwuturukamwo umukuru w'igihugu. Abel Gashatsi awutwara, yaravyibukije abatari bwavyemere imbere y'amatora y'ibwirizwa nshingiro ryo ku mwaka uheze w'2018.

Ku rubuga rwa Twitter, uwo mugambwe wagize uti : "Ku wa 21 ukwezi kwa 4 umwaka w'2018 komite nyobozi y'umugambwe Uprona yatangaje icese aho uhagaze kuri ayo matora. Uwu mugabwe uzotora Ego italike 17 ukwezi kwa 5 umwaka w'2018 ku munsi w'amatora".

Mu gihe intwaro rusangi ishingiye k'ukubana neza yashizweho n'amasezerano ya Arusha yagiye akagirire, abatusti ubwanwa bwapfutse umunwa. Bariko birukanwa mu bisata vyose vy'ubutunzi n'imibano, baricwa canke barangazwa, ntaco bari bakwiye kuba baciteze kuri uwo mugambwe wa Rwagasore.

Eka no ku rundi ruhande rwa Uprona, Umuhinga wa kaminuza Charles Nditije avuga ko arutwara, nta ciza bokwitegayo. Nditije yemeza ko asa n'urwarushe canke yahemukiwe n'abo basangiye urugamba rwa politike, kuko harimwo abazotamikwa ubusabusa bagaherekeza umugambwe CNDD-FDD mu matora yo mu mwaka w'2020.

Ivyo bizosa n'ibiha icizere ayo matora ku nyungu z'umugambwe uri ku butegetsi na ho yuzuyemwo "ibinenge" vyinshi. Akarorero ni umugwi ujejwe amatora CENI ukorera kandi uyoboka amategeko ya CNDD-FDD, Ibwirizwa nshingiro ryahinyanyuriwe umukuru w'igihugu azohaguma Petero Nkurunziza, amasezerano ya Arusha yatawe nk'akanuka, n'ibindi.

Hagati aho, urunani CNARED rw'abatavuga rumwe na reta ruri muyabira. Abarugize barasiganwa kuruvamwo no kurutera akagere. Yamara, abatanguje urwo runani rw'abatavuga rumwe na reta rukorera hanze y'Uburundi bari bararahiye bararengwa ko bazorwanira gushika ku gatsi ka nyuma amasezerano ya Arusha. Ubu iyo ntumbero iri kure nk'ukwezi.

Muri make, ivyo vyose hamwe bikagaragaza ko abatutsi bo mu Burundi bari ku bugi bw'umuhutu uwari wese yoshaka gutanguza ubwa mbere ihonyabwoko.


bottom of page