top of page

HRW riratera ivyatsi ingendo yo guhohotera abatavuga rumwe n'ubutegetsi bw'Uburundi


Ishirahamwe HRW (Human Rights Watch ) ryishinze gukingira agateka ka zina muntu ryarateye ivyatsi ryivuye inyuma uguhohotera abatavuga rumwe na reta y'Ubruundi inyuma y'aho amatungo y'abagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi afatiwe.

Muri ayo matungo harimwo n'ay'abamenyeshamakuru n'abo mu mashirahamwe yigenga akingira agateka ka zina muntu.

Ivyo vyatangajwe na Lewis Mudge, ateara igisata ca Afrika yo hagati muri HRW.

Ku rubuga rwire rwa Twitter yagize ati: "Uwutwara sentare ntahinyuzwa ni we yatanze itegeko ryo gufata ayo matungo y'abaharanira agateka ka zina muntu benshi, n'abamenyeshamakuru bakomeye, ubu bahunze igihugu. Ni ingingo yerekana igikenye n'agatotezo ka reta ku batavuga rumwe na yo".

HRW ryibutsa ko abo bantu nka bose bahunze inyuma y'iyugarwa n'ifutwa ry'amashirahamwe bahora batwara.

Agira riti :" Abenshi muri abo bantu barabwa n'iyo ngingo, amashirahamwe yabo n'ibinyamakruu bahora batwara vyarahagaritswe, na bo bahitamwo kuyanyaga barahunga".

Lewis Mudge avuga ko ari agatotezo kabandanya. " Hagati aho, mu gihe amatora yo mu mwaka w'2020 azananye inguvu nyinshi, guhohotera abatavuga rumwe na reta vyafashe umurindi munini, bigakurikirwa n'ukudahana ababikora".

Kw'italike 15 z'ku kwezi kwa 5, ni ho umushikirizamanza mukuru wa republika Sylvestre Nyandwi n'uwutwara sentare ntahinyuzwa François Nkezabahizi bategeka ko iyo ngingo yo gufata amatungo y'abo bantu ija mu ngiro ubwo nyene.

Hafashwe amazu n'ayandi matungo y'abantu 32 harimwo n'abasirikare bakuru. Bagirizwa ko bashatse gutembagaza ubutegetsi mu mwaka w'2015.

Abatavuga rumwe na reta ntibatevye kwiyamiriza iyo ngingo bita iyo kunyaga abatari ku ruhande rw'umukuru w'igihugu bose cane cane abaharanira agateka ka zina muntu, abamenyeshamakuru bigenga n'abandi.

Urunani rw'abo CNARED rwagize ruti: "Ni ingendo igayitse y'ubutegetsi bubi ataco bwibanga".

Twokwibutsa ko Général Godefroid Niyombare, ari we yararongoye abashatse gutembagaza ubutegetsi mu mwaka w'2015. Uwo yigeze no kuba somambike wa Perezida Petero Nkurunziza, banasangiye urugamba, mu nyuma atwara urwego rw'iperereza.

Abasirikare bafashe iyo ngingo inyuma y'indwi zitatu abanyagihugu bari mu mabarabara biyamiriza ikiringo ca gatatu ca Nkurunziza. Bemeje ko giciye kubiri n'amategeko hamwe n'ibwirizwa nshingrio.

Yamara, ukwo gushaka gutembagaza ubutegetsi kwahavuye kunanirwa bitumwe n'abandi basirikare bayoboka ubutegetsi.

Kuva ico gihe, Uburundi bwaguye mu kaga karangwa n'indyane za politike, ubwicanyi n'ihonyangwa rikabije ry'agateka ka zina muntu.

Abatishwe kubera urwikeko n'ivyiyumviro vy'abo, barondewe baranyuruzwa, abandi na bo bahavuye bahitamwo gufata inzira y'ubuhungiro.


bottom of page