top of page

Ubutegetsi bwa Nkurunziza ngo buriko bunyaga abo bitavuga rumwe

Naho ubutegetsi bw'i Gitega buvuga ko ingingo yo gufata ry'amatungo y'abagirizwa gushaka guhirika ubutegetsi yafashwe n'ubutungane, ibinyamakuru nka vyose vyo kwisi siko bibibona. Vyose vyandika bivuga ko ari ubutegetsi buriko bunyaga abatavuga rumwe nubwo butegetsi




AfricaNews

Iki kinyamakuru candikirwa muri repubulika ya Kongo candika kivuga kiti: "Leta ya Nkurunziza ibandanya kwirengagiza abayihanura ko yokwitaho gutorera umuti amaguma yadutse muri 2015". Kibandanya candika kiti: "ukwigarurira amatungo yabatavuga rumwe na leta vyatewe ivyatsi na bose". Uravye ivyo vyandiko biboneka neza ko ivyo Leta iki kinyamakuru kitavyemera.


East Africa Monitor

Iki kinyamakuru candikirwa mu karere ka africa y'ubuseruko kimenyesha abasomyi baco ko Leta y'Uburundi yafashe ingingo yo kwigarurira amatungo yabo bitavuga rumwe. Kibandanya kivuga ko intwaro ya Nkurunziza ifashe iyo ngingo mu gihe yaheruka kwirukana ikigo ca ONU kijejwe kuraba iyubahirizwa ry'agateka ka zina muntu.


Daily Mail

Candikirwa mu Bwongereza naconyene kivuga ko Leta y'uburundi yifatiye amatungo y'abavuga rumwe nayo.


Jeune Afrique

Iki kinyamakuru candika cane kuri afrika candika kivuga ko ubutungane bwafashe ingingo yo gushira mu minwe ya Leta amatungo y'abatavuga rumwe nayo. Kibanda candiko ko benshi mubanyazwe bahunze kandi nubu bakibandanya biyamiriza ikiringo ca gatatu ca Nkurunziza. Kikibaza rero ko iyo ngingo itoba ariyo kubatera ubwoba ngo ntibasubire kuvuga.


Muncamake:

Ivyo ni bimwe muri vyinshi twasomye. Uravye ingene ibinyamakuru bitandukanye vyanditse iyo nkuru, biraboneka neza ko atahenshi bafashe ko iyo ngingo ari iyo ubutungane bwigenga. Abanyamakuru benshi babona ko iyo ngingo ari iya politike ifise intumbero yo gutera ubwoba abatavuga rumwe na Leta.




bottom of page